Mugihugu ca Africa yepfo mugisagara ca Cape Town harabaye inama yiswe TECHNOVATION 2025 yuguruye umuryango umwe kugirango kubaka Afirika itagira umwotsi.

 



AFRICA ITAGIRA UMWOTSI- PMI

 

Mugihugu ca Africa yepfo mugisagara ca Cape Town harabaye inama yiswe TECHNOVATION 2025 yuguruye umuryango umwe kugirango kubaka Afirika itagira umwotsi.

 Ishami ry'Umuryango w'Abibumvye ryita ku mugara y'Abantu (OMS) rivuga ko kw 'isi yose abantu barenga kuri miliyaridi 1,3 banwa itabi. Ikigo co muri Amerika gishinzwe kurwanya no gukumira indwara (CDC) kivuga ko abantu bageze kubice icumi banwa itabi bakuze babasha kubireka buri mwaka.

 I  miliyoni 84 z'abantu bakuze muri Afrika baracanwa itabi. ingaruka z'ubuzima ziragoye kwirengagiza. Kunywa itabi bikomeje kongera kanseri, indwara z'umutima, ubwonko, n'ibindi vyica ubuzima

Andrea Gontkovicova (Visi Perezida Ushinzwe Ibikorwa, SSEA, CIS & MEA, PMI), Themba Mathebula (Umuyobozi ushinzwe ububanyi n'amahanga muri Afirika y'Epfo, PMI), Branislav Bibic (Icegera c 'Umuyobozi w'akarere ka Afirika yo munsi ya Sahara, PMI)  , mu kiganiro ca AFIRIKA ITAGIRA UMWOTSI   muri Technovation 2025

Baratanze ubutumwa mu nama buvuga buti : Nimba Utanwa itabi, Ntutangure. Niba unwa itabi, ubireka. Nimba utabiretse, uindure.

 

Aha niho ibigo nka Philip Morris International (PMI) bihagurukira kutarengera itabi, ahubwo ni ugushaka ubundi buryo butarimwo umwotsi bushobora gufasha kugabanya ingaruka mbi kubantu bakuze banwa itabi.

 

Andrea Gontkovicova wo muri Philip Morris International (PMI) yagize ati: "Ntabwo ari ukwigana ivyo Uburengerazuba bukora." Ati: “Ni ugushaka icokorohera Afirika.”

 

PMI yerekanye uburyo bariko barakora bwo kudandaza itabi no korohereza abarinwa. Harimwo ibicuruzwa vyitabi bishushe hamwe na pisine ya nikotine isanzwe igenzurwa kandi ikoreshwa mubindi bice vyisi.

 

Ariko nkuko abavuga bagaragaje ikoranabuhanga risha ryonyene ntirizokemura ikibazo co kunwa itabi. Igikenewe nukuvanga kwizerana, itumanaho ryiza, na politike ishigikira impinduka.

 

Andrea Gontkovicova, umuyobozi mukuru muri PMI, yabisobanuye neza:kugirango ivyo bishoboke, leta zigomba gushiraho politike y'ubwenge yemerera abantu bageze muzabukuru gupunguza kunwa itabi , mugihe urinda abakiri bato nabo kurinwa .

 

Ibihugu bimwe bimwe biramaze kuba muri iyo nzira. Muri Afirika yepfo, PMI yaratanguye kuvyegereza abenegihugu kandi nabo barabishima cane kandi ibikora kugirango iyi mpinduka ibe iyukuri.

 

Themba Mathebula ajejwe ivy' ububanyi n’amahanga muri PMI mu karere, yavuze ko intego yoroshe: GUHUZA ABANTU. Ibihugu, Ibigo n’abenegihugu  bategerezwa gukorera hamwe kugirango boshobore kugabanya ibibi bishoboka.

 

Ibimenyeshamakuru navyo bifise akazi ko gukora. Dr. Mercy Korir, umunyamakuru akorera cane kumagara y abantu akaba n’umuganga ava muri Kenya, yibukije buri wese uburyo amakuru y'ibinyoma ashobora gukwirakwira nk'uko vyagenze mu gihe c’icoherezo ca COVID-19. Yahamagariye ibiganiro vyukuri kuvyerekeye ubundi buryo bwo kunywa itabi kugirango abantu bahitemo neza, ntibayoborwe n'ubwoba canke ibihuha.

 

Tomaso Giovanni wo muri PMI yongeyeho ko itumanaho risobanutse rya siyansi ryubaka icizere rusange. Yagaragaje ubufatanye bwa PMI n’ikigo c’Amerika gishinzwe ibiryo n’ibiyovyabwenge (FDA), casuzumye kandi cemerera bimwe mu bicuruzwa bitarimo umwotsi.

 

Ikindi kintu iyo nama ya TECHNOVATION yari ishingiyeko vyari bijanye no kwerekana canke no guha urwaruka rwo muri Afrika nabakuze ibikoresho bakeneye kugirango babeho neza, bafise ubuzima bwiza.

 


Brainslav Bibic, Visi Perezida wa PMI muri Afirika yo munsi ya Sahara yashimangiye akamaro ko gushiraho inyishu zifasha abantu. Kandi  atari intego z’ibigo gusa.

 

Hagati aho, Jonathan Kwak yibukije abantu bose ko ubucuruzi budafite inshingano gusa ahubwo ko ari inshingano zo guteza impinduka binyuze mugucuruza n’imikorere ifasha abantu ndetse n’isi.

Afurika itagira umwotsi ntizabaho mw' ijoro rimwe. Ariko hamwe namahitamo meza, uburezi bwiza, nubutwari bwo kugerageza inzira nshasha, Vyose birashoboka.

INAMA ikaba yarangiye mugusangiriramwe n'abayitunganije ndetse nabayitavye.


© all rights reserved-HIFAZI NEWS
made with by Hifazi Media