AFRICA ITAGIRA UMWOTSI- PMI
Mugihugu ca
Africa yepfo mugisagara ca Cape Town harabaye inama yiswe TECHNOVATION 2025 yuguruye
umuryango umwe kugirango kubaka Afirika itagira umwotsi.
Baratanze
ubutumwa mu nama buvuga buti : Nimba Utanwa itabi, Ntutangure. Niba unwa itabi,
ubireka. Nimba utabiretse, uindure.
Aha niho
ibigo nka Philip Morris International (PMI) bihagurukira kutarengera itabi,
ahubwo ni ugushaka ubundi buryo butarimwo umwotsi bushobora gufasha kugabanya ingaruka
mbi kubantu bakuze banwa itabi.
Andrea
Gontkovicova wo muri Philip Morris International (PMI) yagize ati: "Ntabwo
ari ukwigana ivyo Uburengerazuba bukora." Ati: “Ni ugushaka icokorohera
Afirika.”
PMI
yerekanye uburyo bariko barakora bwo kudandaza itabi no korohereza abarinwa.
Harimwo ibicuruzwa vyitabi bishushe hamwe na pisine ya nikotine isanzwe
igenzurwa kandi ikoreshwa mubindi bice vyisi.
Ariko nkuko
abavuga bagaragaje ikoranabuhanga risha ryonyene ntirizokemura ikibazo co kunwa
itabi. Igikenewe nukuvanga kwizerana, itumanaho ryiza, na politike ishigikira
impinduka.
Andrea
Gontkovicova, umuyobozi mukuru muri PMI, yabisobanuye neza:kugirango ivyo
bishoboke, leta zigomba gushiraho politike y'ubwenge yemerera
abantu bageze muzabukuru gupunguza kunwa itabi , mugihe urinda abakiri bato
nabo kurinwa .
Ibihugu
bimwe bimwe biramaze kuba muri iyo nzira. Muri Afirika yepfo, PMI yaratanguye
kuvyegereza abenegihugu kandi nabo barabishima cane kandi ibikora kugirango iyi
mpinduka ibe iyukuri.
Themba
Mathebula ajejwe ivy' ububanyi n’amahanga muri PMI mu karere,
yavuze ko intego yoroshe: GUHUZA ABANTU. Ibihugu, Ibigo n’abenegihugu bategerezwa gukorera hamwe kugirango boshobore
kugabanya ibibi bishoboka.
Ibimenyeshamakuru
navyo bifise akazi ko gukora. Dr. Mercy Korir, umunyamakuru akorera cane
kumagara y abantu akaba n’umuganga ava muri Kenya, yibukije buri wese uburyo
amakuru y'ibinyoma ashobora gukwirakwira nk'uko vyagenze mu gihe c’icoherezo ca
COVID-19. Yahamagariye ibiganiro vyukuri kuvyerekeye ubundi buryo bwo kunywa
itabi kugirango abantu bahitemo neza, ntibayoborwe n'ubwoba canke
ibihuha.
Tomaso
Giovanni wo muri PMI yongeyeho ko itumanaho risobanutse rya siyansi ryubaka icizere
rusange. Yagaragaje ubufatanye bwa PMI n’ikigo c’Amerika gishinzwe ibiryo
n’ibiyovyabwenge (FDA), casuzumye kandi cemerera bimwe mu bicuruzwa bitarimo
umwotsi.
Ikindi
kintu iyo nama ya TECHNOVATION yari ishingiyeko vyari bijanye no kwerekana canke
no guha urwaruka rwo muri Afrika nabakuze ibikoresho bakeneye kugirango babeho
neza, bafise ubuzima bwiza.
Brainslav
Bibic, Visi Perezida wa PMI muri Afirika yo munsi ya Sahara yashimangiye
akamaro ko gushiraho inyishu zifasha abantu. Kandi atari intego z’ibigo gusa.
Hagati aho,
Jonathan Kwak yibukije abantu bose ko ubucuruzi budafite inshingano gusa ahubwo
ko ari inshingano zo guteza impinduka binyuze mugucuruza n’imikorere ifasha
abantu ndetse n’isi.
Afurika
itagira umwotsi ntizabaho mw' ijoro rimwe. Ariko hamwe namahitamo
meza, uburezi bwiza, nubutwari bwo kugerageza inzira nshasha, Vyose
birashoboka.
INAMA ikaba
yarangiye mugusangiriramwe n'abayitunganije ndetse nabayitavye.


